Menu Close

Ingabire Z’intumwa / Apostolic Gifts

   

Rev. Ron Hanko

Ingabire z’intumwa ushiramwo no kuvuga mu ndimi, gukora ibitangaza, hamwe no gukuza indwara (abo bose bakwiza icitwa “Umugisha” ndetse bakanavuga ko bafise ubushobozi nkubw’intumwa muguca bagaragaza intwengo nziza hamwe nokuba badwebereye gose muri mpwemu). Mbega twokwitega kandi tukanasengera ukugaragara kw’izo ngabire uyu musi?

Twizera ko ingabire nkizo, nk’ingabire za Mpwemu w’Imana, zija zarahagaze kuva intumwa zipfuye hamwe n’igihe c’isozerwa ryo kwegeranya Ivyanditswe Vyera. Hamwe ibintu nkivyo vyoba bikibandanya uyu musi, kandi akaba atari amakosa canke ikindi kibazo co mu mutwe, vyoba ari igikorwa c’izindi mpwemu atari Mpwemu Year (2 Abatesalonika 2:9)

Tuvuze iki hisunzwe uko Ivyanditswe ubwavyo bivuga.

Ivyanditswe vyita bene izo ngabire zose “Ibimenyetso vy’Intumwa” muri 2 Ab’Ikorinto 12:12. Ibi bisigura ko zari zifiswe gusa n’Intumwa gusa mu gihe cazo. Kubw’Ivyo, ntahantu dusanga mu Vyanditswe havuga ko izi ngabire zigeze zihabwa uwundi muntu n’umwe kiretse Intumwa gusa (Raba cane cane Ivyakozwe n’Intumwa 8:14-17). Aha honyene haragaragara mu buryo bukwiye nk’icemezo cuko zahagaze igihe c’urupfu rw’intumwa zanyuma.

Mu buryo ubwari bwo bwose, kuzizera hamwe no kurondera ugushishikara kwazo ni uguhakana uguhishurwa kw’uzuye kw’ivyanditswe (2 Timoteyo 3:16-17; Ivyahishuriwe Yohani 22:18-19).

Westminster Confession of Faith ivuga iti: “ Ubwigenge bw’Imana bwose, bwerekeye ivyo vyose vya ngombwa kubw’ icubahiro cayo, agakiza k’umuntu, ukwizera, hamwe n’ubuzima, bishobora kugaragarira mu Vyanditswe, canke mu ciza kandi ingaruka ikenewe ishobora gukurwa mu Vyanditswe aho muri vyo ata kintu na kimwe haba mu mu gihe na kimwe gikwiye kwongerwako, haba mw’ihishurirwa rishasha na Mpwemu canke mu migenzo y’abantu” (1:6).

Izi ngabire zari zatanzwe gusa nk’ibimenyetso vyo guherekeza no gushingira intahe intigisho hamwe no kuvuga ubutumwa kw’intumwa igihe Ivyanditswe Vyera bitari bwasozerwe (Abaheburayo 2:3-4). Uno musi rero ko dufise Ijambo ryuzuye ry’Imana, ryahumetswe kandi ridahangarwa, ntituba gusa dushaka ibi bimenyetso, ahubwo ugusaba ukugugaruka kwavyo bigaragaza ko tuba turiko duhakana ukwakira no kwizera Ivyanditswe nk’Ijambo ry’imana ryose ryuzuye.

Ntibiba ari nivyo gusa, ariko Ivyanditswe ubwavyo biratubarira ko ari vyiza kuruta ivyo bindi. Uravye nk’igihe ca Yesu igihe yakayanganira k’umusozi, Ivyanditswe ni ikintu “kirengeye Ijambo” (2 Petero 1:19). Reka rero tuvyisunge twitonze kandi ntiduhige ukugaruka kw’ingabire z’intumwa. Ivyanditswe bishoboye kuduhindura “abaciye ubwenge kuvy’agakiza biciye mu kwizera kuri muri Yesu Kristu” (2 Timoteyo 3:15). Ni ikihe kindi dukeneye?

Show Buttons
Hide Buttons