Menu Close

Ico Bibiliya Ivuga Ku Bagabo Basambana Hagati Yabo / The Bible and Homosexuality

   

Rev. Angus Stewart

Yesu Kristu yigishije ko ukurongorana ari ukuba umubiri umwe hagati y’umugabo umwe n’umugore umwe ubuzima bwabo bwose: “Woba utarasoma [mw’Itanguriro 1:27 hamwe na 2:24], ko Uwabaremye uhereye mu ntango yabaremye ari umugabo n’umugore, kandi yaravuze Iti, kubw’ivyo umugabo azosiga Se na Nyina, aje kubana n’umugore wiwe: kandi babe bakiri babiri ariko babe umwe? Nico gituma batagisubira kuba babiri ariko bazoba umubiri umwe. Nico gituma ico Imana yafatanije, ntihakagire uwugitandukanya” (Matayo 19:4-6). Kubw’ivyo kurangura amabanga mpuza bitsina hagati y’umugabo n’umugore imbere yo kurongorana (Ikizira) canke hagati y’umuntu yarongoye canke yarongowe n’uwundi muntu atari umugore wiwe canke umugabo wiwe (Ubusambanyi) canke hagati y’umugabo canke umugore n’igikoko (bestiality) canke hagati y’abagabo babiri (sodomy) canke hagati y’abagore babiri (lesbianism) ni icaha gikomeye. Nimba Kristo nawe nyene yaravuze ko “Uwo wese azoraba w’uwundi akamwipfuza azoba amaze gusambana nawe mu mutima” (Matayo 5:25), abagabo babiri nabo nyene baryamanye baba bakoze icaha.

Inyuma yo gutanga ikimazi mu gupfa no kuzuka. Kristu mu bwiza bwiwe yageze abigishwa biwe kuvuga ijambo ryiwe mu mahanga yose no kwandika Ivyahumetswe vyanditswe vyera. Polo, “umushumba wa Yesu Kristu” (Abaromani 1:1), aravuga k’ “ukunywana nyako,” kuri lesbianism (“kandi n’abagore babo bahinduye imibiri yabo gukora ico itagenewe”) kandi sodomy (“Niko biri no ku bagabo, babaho bagirira abandi bagabo ibiteye isoni, bari baremewe kugirira abagore babo ivy’imibiri yabo igomba. Bahabwa impera ikwiranye n’ukwononekara kwabo”) (Abaromani 1:26-27). Polo arandika, “Ntimwibeshe,” “abiyonona bakongera bakonona na bagenzi babo (sodomites) ko “batazoragwa ubwami bw’Imana” (1 Korinto 6:9-10). Ibi ntivyari ivyiyumviro vyo gukwegerako vya Polo aho yavuga “Ivyo ndabandikiye ni amajambo y’Imana” (1 Korinto 14:37).

Ivyaha vyose bitahongewe n’amaraso ya Kristu kandi ntivyihanwe nivyo nkwezi y’igihano c’umuriro w’ibihe bidashira, kandi abagabo babirana hagati yabo ni icaha c’agahomera bunwa. Ubwa mbere, kirwanya “kamere ndemanwa” nk’uko kivuguruza ivyo Imana yagenye uhereye mw’Iremwa ryacu nk’umugore n’umugabo (Abaromani 1:26-27). Ubwa Kabiri, ubwaco ni urubanza rw’Imana kuko ari ikigirwamana ku bagabo n’abagore (Abaromani 1:18-25): “Kubw’iyo mvo Imana yarabahevye ngo bakore ibikwiranye n’ukwipfuza kwabo” kwa lesbianism nukwa sodomy (Abaromani 1:26-27). Imana kurekera umuntu mukwabirana hagati n’umugabo n’uwundi ni ikigaragaza “uburake bw’Imana … bwahishuwe buvuye mw’ijuru” muri ino Si (Abaromani 1:18). Ubwa gatatu, Sodomy ni icaha gituma hamnuka umuriro uvuye mw’ijuru: “Sodom na Gomora … bagiye mu birenze umubiri [cf. Itanguriro 19:4-5], barabayeko akarorero ko kubabazwa n’ukwihora kw’umuriro udashira (Yuda 7). Imana ayarekuriye hasi umuriro uyigiza Sodomu na Gomora (Itanguriro 19:24) ni igicapu c’umuriro udahera urindiriye kuyigiza abagabo barongorana hagati yabo, ndetse abanyavyaha bose (2 Petero 2:6). Ubwa kane, abagabo barongorana hagati yabo, iyo bemerewe n’amategeko gukora ivyo ( nkuko biri uno musi), ni ibiterasoni: “Baba bemeje icaha cabo nk’Isodomu, ntibakinakinyegeza” (Yesaya 3:9). Ariko barayiha icubahiro … mu bumaramare bwabo” (Ab’Ifilipi 3:19) mu kuba muri ubwo bupfu bwabo.

Ariko rero, icha c’abagabo barongorana hagati yabo si icaha kidaharirwa. Inyuma yo kuvuga ubu bwoko bwose bw’ibigabitanyo, dushizemwo sodomy (abagirira abandi ibiteye isoni), Intumwa abwira abaizera bo mw’Ishengero ry’Ikorinto, “kandi no muri mwebwe bamwe barimwo: ariko mwarogejwe, mwarejejwe, kandi mwaratsindanishirijwe mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristu, kandi no kubwa Mpwemu Yera” (1 Ab’Ikorinto 6:9-10). Uku niko kurokorwa mu caha c’abagabo barongorana n’abandi, kandi nibwo buryo bwonyene bwo kurokorwa kwacu twese.

Show Buttons
Hide Buttons