Menu Close

COVID-19 N’ukwizera Rukristu / COVID-19 and Christian Doctrine

    

Rev. Angus Stewart

Ukwizera kudatana kugaragazwa n’Ivyanditswe Vyera ni inkora mutima kuri twebwe kugira dutahura neza iki kiza c’ingwara ya COVID-19.Ugutahura rukristu muri ino Si kuratanga insobanuro itomoye kuri COVID-19, kuraduha ugutekana n’amahoro mu Mwami wacu Yesu muri kino gihe kitoroshe. Muri ino nyandiko ntoya (Articles), turaza kubona ukuntu Coronavirus ikwiye gutahurirwa mu bice bikuru bikuru butandatu(6) bigize ukwizera kwa Bibiliya (Mu buryo bupanze): 1) Imana, 2) Umuntu, 3) Kristu. 4) Iherezo ry’Ibihe, 5) Ishengero hamwe na 6) Agakiza. Kubw’ivyo ntitugire uruhagarara canke ngo tuzungazunge

1) Imana. Imana y’ukuri iriho kandi itagira intango n’iherezo, Ihoraho kandi Idahinduka mu kumenya kwayo, mu bushobozi, mu rukundo, mu bwizigirwa, mu kwera, hamwe no mu butungane. Nkuko ariyo iri hejuru kandi muremyi wa vyose, iganje vyose kandi ariyo mucamanza mukuru. Niyo yonyene Ikora ico ishatse, irekura ico ishatse kuwo ishatse, mu buryo ishatse no mu mwanya ishatsemwo (Sovereignty), nkuwukora ibintu vyose nkuko ugushaka kwayo kuri muri yo nyene (Abanyefeso 1:11)—dushizemwo na Coronavirus—kuko “ntanumwe yohagaragara imbere yayo akayibaza ati ni kubera iki ubikora uku?” (Daniyeli 4:35).

2) Umuntu. Nkuko biri no ku bamarayika, abantu barafise umubiri ugaragara, ushizemwo n’amahaha, ari nayo afatwa n’ingwara ya COVID-19. Nkuko atariko biri ku bikoko, umuntu agizwe n’Impwemu kandi ntashobora guhagarika kubaho igihe apfuye nkuko biri ku mbwa (Umusiguzi 12:7), bitandukanye n’ikinyoma ca evolutionism kiremesha abantu mu bubeshi.

Biciye mu kugwa kwa Adam, umuserukizi wacu, ikiremwa muntu cose, kiretse Kristu wenyene, casamwe conger kivyarirwa mu caha, kandi cononekaye bikwiye muri kamere (Abarom 3:10-18; 5:12-21). Nkuko biri mu vyiyumviro, icaremwe umuntu kirafise ubwenge (Conscience) (Abaroma 2:15), bukimenyesha iciza n’ikibi, hamwe no gutinya gupfa n’urubanza rw’Imana (Abaheburayo 2:15). Iki nico gituma abatizera batinya iki cago.

3) Kristu. Nk’umwana w’Imana n’umwana w’Umuntu, Umukiza wacu Yesu ni Imana yuzuye kandi umuntu yuzuye. Biciye mukwumvira kwiwe kwera mu kubaho ubuzima butagira icaha no mu kutugira mu kibanza c’urupfu, Umukiza wacu ni ”Umwami w’abapfuye n’abariho” (Abaroma 14:9). Kristu yapfuye akongera akazuka niwe avyagiye mw’ijuru , ashitsa ivyo Imana yagenye uhereye kera yongera arongora kandi azigama vyose.

Ni umwagazi igihe yaduzwa yahawe igitabu kivuye mu kuboko kw’Imana iri mu butatu hama akugurura ibikimatanije indwi (7), hanyuma akamena ikimatanije ca kane(4) gifiswe nuwagendera ku ndogoba (Ivyahishuriwe Yohani 5-7). Uwayigenderako, rupfu, ahabwa ibikoresho bine biteye ubwoba vyo kwica abantu: intambara, inzara, ibikoko vyo mw’ishamba , akaranda, ushizemwo na corona (Ivyshishuriwe Yohani 6:8; Ezeckiel 14:21).

4) Ibihe vy’Iherezo. Umwami Yesu ararerekana urutonde bimwe mu bimenyetso vy’ukugaruka kwiwe, muri Matthew 24:7 “Kukw ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami; amapfa no kunyiganyiga kw’isi bizobaho henshi” (cf. Luka 21:10-11). Ikiza ca COVID-19 ni icukuri “Mu bibanza bimwe,” nko muri Chine, Italie, Iran, Espagne, America, Ubudagi, S. Korea hamwe no mu bihugu nka vyose vyo kw’Isi.

Izi ngorane zikwiye mw’Isi yose ntizigaragaza gusa ukwera kw’Imana iri mw’Ijuru igacira urubanza ubunyavyaha bw’umuntu kw’Isi, ariko kandi ziranagaragaza ukugaruka kwa Kristu hamwe no guca urubanza rwanyuma. Ese ukuntu incuro zitari zike Umwami wacu Yesu abisezerana mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohana, “Ehe ndaza vuba!” Iki nico “cizigiro c’umugisha” kimwe (Tito 2:13).

5) Ishengero. Igaruka zihambaye za coronavirus kw’Ishengero ni uku kuburabuzwa. Ibikorwa vyo guhimbaza Imana ku musi w’Imana, amashure yo kwiga katikisimu, imyanya yo kwiga Bibiliya, n’ibindi … vyose vyarahagaritswe canke biragabanywa mw’Isi yose. Abatabana mu nzu hari ugusangira guke canke ndetse ntihabeho nuko gusangira hagati y’abizera mu buryo bugaragara bagahura canke ngo banahure banabonane mu maso muyandi. Amasakaramentu rukristu y’Ibatisimu n’Isangira ryera vyose biri mukurindirizwa.

Aho kuja guhurira hamwe ku Musi w’Imana, abeshi bategerezwa gukoresha ama CDs canke DVDs canke ama audio cassettes canke ibitabu. Abandi birabakundira kwigishiriza k’ubuhinga ngurukana bumenyi. Uko bisanzwe, CPRC ibayeho muri ubwo buryo, bwa video na audio, ugusenga no gusoma hamwe no kwigisha Ijambo rivuye mw’Ishengero ryacu mu mwanya umwe nkuko bisanzwe biba buri musi wa Mungu: Isaha zitanu (5) z’umurango na cumi na zibiri (12) z’umugoroba (https://cprc.co.uk/live-streaming). Turiko turaraba uwundi musi twoshobora kuririmba Zaburi 122:1 turi hamwe kandi: “Naranezerewe hamwe bambgira, Bati Tugende tuje ku ngoro y’Uhoraho.” Nubwo bimeze uko, reka dusengeranire twongere dufashanye hagati yacu kw’itelefone canke k’umurongo.

6) Agakiza. Nkuko bigaragarira mw’ishirwa mu ngiro ry’ugucungurwa kwacu muri Kristu, bikomeza kugaragara ko ari Ubuntu kandi koko, nkuko biri mu mugambi w’Imana udahinduka kuko,“ abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yarabatsindanishirije; abo yatsindanishirije, yabahaye ubgiza” (Abaroma 8:30).

None rero ni igiki Uhoraho ariko arakorana nabo yatoranije, yiyujujeko kandi akanabanagura muri coronavirus? Intumbero y’Imana n’ingaruka ku bera bayo muri ubu buzima- n’ubu nyene harimwo!-ni imwe kandi niko yamye kandi niko izokwama: Itwemeza “ Ishusho y’umwana wayo, ko ari infura muri bene Se beshi” (Abaroma 8:29)!

Ni gute Data wo mw’Ijuru ashitsa ibi muri kino kiza, mu gihe ukwigisha Ijambo n’amasakaramentu mu guhurira hamwe kw’abizera hamwe n’ukuririmba ku musi w’Imana vyahagaritswe kuri twebwe? (Muri iki gihe ca COVID-19, Amazaburi ya 42, 43, 63, 84, 137, kubandanya, … arafasha kwugara.)

Turibuka ko hariho izindi nzira Imana ikoresha mu bihe nkibi: Amasengesho atari ayo gufyina( woba umaze gukonja?), ugusoma Ivyanditswe Vyera (kumbure woba umaze gufata minenerwe Ijambo?), ukwiga ibitabo biri reformés (Ivyo ushobora kuba utaronkera akanya gakwiye ubwa mbere), n’ibindi. Kubw’ubuntu bwiwe, Uhoraho azokoresha ibi bikoresho vyose vy’ impwemu, abifatanije n’imibabaro yacu ya kino gihe, kuko“ Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abahamagawe nk’uko yabigabiye” (Abaroma 8:28)!

Kubw’ivyo, ntitugire ikibazo kuri kazoza ariko twizigiye imbabazi nyishi Data wo mw’Ijuru yatygiriye (Matayo 6:24-34; Ab’Ifilipi 4:6-8), ariwe azkoresha iki cago, nkuko yanakoresheje mu bihe bishize inzara iteye ubwoba, mu gukiza abantu bayo hamwe n;iciza kidashira (Itanguriro 50:20).

Show Buttons
Hide Buttons