Menu Close

Igihano C’ibihe Bidashira / Eternal Punishment

   

Rev. Ron Hanko

Twizera ko hariho igihano c’ibihe bidashira, ko abo bose batihanye icaha cabo hama ngo bizere Kristu kugira abakize bazobabazwa igihano c’ibihe bidashira arico twita amahonero (hell).

Kubera iki none twizera ikintu giteye ubwoba nk’ico

(1) Bibiriya iracigisha neza igitomoye. Muri Matayo 25:46 havuga, “Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.” Mu Vyahishuriwe Yohani 14:11 naho havuga: “Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.”

(2) Ubutungane(ukugorororoka) kw’Imana buragisaba. Abantu bose ni abagararariji ku Mana nkuko bigaragara ko abenshi muri bo batitwararika Imana canke Ijambo ryayo. Rero, ntakindi kintu na kimwe kiba gisigaye mu gihe bimeze uko kiretse ukwitega igihano c’icaha nkico co kugarariza Imana ishizwe hejuru, ariyo Muremyi wacu.

(3) Umusaraba n’urupfu vya Yesu Kristu biba bibaye impfagusa iyo habayeho uguhakana igihanoc’ibihe bidashira, mu gihe ata kintu na kimwe abanyavyaha bokirizwamwo canke bakeneye cobamukiza hamwe botoba bariko baja mu muriro (amahonero). Hamwe hoba ata mahonero (umuriro), itegeko ry’ubutumwa bwiza ryo kwihana canke ryo guhona ntiryoba rikibaye ukuri, kandi ntihoba hakiriho ugukenerwa canke ukwihutirwa kwo kwihana no kwizera ubutumwa bwiza. Birashoboka ukaba uri umwe mu batizera ko hariho amahonero (umuriro) canke Yesu Kristu.

Bibiliya rero iravuga ku mahonero(umuriro) idatumbereye kubatera ubwoba bubakuramwo impwemu zanyu ariko igomba kubatera ubwoba bubasubizamwo impwemu zanyu (2 Korinto 5:11), no kugira ngo mubone igituma mukeneye kwizera Imana.

Nta numwe atinya ubuzima bukurikira, ariko atarico kubabazwa kw’ibihe bidashira.

Umuhakanyi azwi ko yahakana ukubaho kw’Imana yaravuze igihe kimwe ati: “Hari ikintu kimwe conezera ubuzima bwanje … ndafise ubwoba ko Bibiliya yoba ari ukuri. Hamwe nomenya neza ntakekeranya ko urupfu ari ugusinzira kw’ibihe bidashira, nogira imunezero-umunezero wanje wokwuzuzwa. Ariko … Nimba Bibiliya ari ukuri, ndapfuye, ndatakaye, ndazimanganye ibihe vyose. Ivyo nari niteze vyose birashize kandi ndazimanganye, ndatakaye ibihe vyose. Nawe woba wiyumva muri ubwo buryo?

Ariko ndakeka ko ibihe bidashira bidasigura vy’ukuri “Ibihe vyose kandi bihoraho.”

Nico bisigura. Muri Matayo 25:46, ijambo rimwe rirakoreshwa kugira ngo ryerekane ukubabazwa kw’abansi b’Imana mu muriro (mahonero) hamwe n’umuhezagiro ku bagororotsi mw’Ijuru. Hamwe umuriro (amahonero) hamwe n’igihano bitoba bizokwamaho, n’ijuru hamwe nibirigize ntivyoba bizokwamaho. Nta numwe yizera ukubaho kw’ijuru yoheza akubahuka guhakana umuriro (amahonero).

Ariko abenshi barabigira, ndetse nabo baba bavuga ko bizera Bibiliya. Ikimenyerewe kugaragarira mu madini y’ibinyoma. Nk’akarorero, Bibiliya yitwa (the New International Version), iyo abakirisu baba evangelica bakuyeko iyindi mirongo iranga iyindi mirongo (references) kubijanye n’Umuriro (amahonero) uhereye mw’Isezerano rya kera no muri Rishasha. Ibi nivyo ku deplora (deplored), ariko ntibihindura intahe y’ukuri ishingwa na Bibiliya.

Twoshobora rero kubaza ico wibaza ku nyigisho ya Bibiliya kuri iki kintu. Urizera ico Imana ivuga mw’Ijambo ryayo kubijanye n’iki kibanza giteye ubwoba arico Umuriro (amahonero)? Nimba utavyizera, womenya neza ko ukutizera kwawe kuriko kukujana mu nzira iteye ubwoba iriko ikujanayo. Uguhakana Umuriro (amahonero) canke igihano c’ibihe bidashira ni uguhakanira k’umugaragaro inyigisho ya Bibiliya. Uguhakana nakwo inyigisho ya Bibiliya n’ukuba umubeshi (1 Yohani 2:22), kandi nta mubeshi azokwinjira mu bwami bwo mw’Ijuru (Ivyahishuriwe Yohani 21:27).

Translated into Kirundi by Elie

Show Buttons
Hide Buttons