Menu Close

Ugushaka Kw’umuntu Guhitamwo: Agakiza Koba Kava K’uguhitamwo Kw’umuntu / Free Will: Does Salvation Depend on a Person’s Choice?

Rev. Ron Hanko

Igihe c’intango y’igiporoti, Martin Luther yaranditse igitabo citwa, ubuja bw’icipfuzo. Iki gitabu gitabu canditswe gitumbereye kugwanya umugabo yitwa Erasmus hamwe n’inyigisho yiwe yavuga ko umuntu ashobora guhitamwo bivanye n’ugushaka kwiwe (free will), bisigura ko ubushobozi bwo guhitamwo canke akareka gukizwa. Luther yabariye Erasmus ko iki kibazo co gushaka guhitamwo kw’umuntu cari ikibazo gikomeye igihe c’intango nshasha (Reformation).Yavuze ati, “Wewe [Erasmus] ntiwigeze unyibazako igihe nagwana n’ibitarivyo vyerekeye ubupapa (papacy), ibibanza abapfuye barindiririmwo gutunganirizwamwo (purgatory), Ivyo gutangira abacu bapfuye kugira bemerwe n’Ima (indulgences), hamwe n’ibindi mwene ivyo, witwararika ibindi aho kugwana n’ibibazo, wewe nyene ubwawe, wariboneye uko ibintu vyose vyagenze, kandi urazi n’ikibanza vyabereyemwo.”

Twirengagije ivyo Luther yanditse, inyigisho ya Erasmus kuvyerekeye ugushaka guhitamwo kw’umuntu yarabaye inyigisho igwiriye cane mu giporoti cuno musi. Uguhitamwo kw’umuntu ni:

  1. Uguhaka integuro Ihoraho y’Imana (predestination). Integuro ihoraho y’Imana bisigura ko ugushaka kw’Imana (uguhitamwo kw’Imana) arikwo gushing (determines) ibintu vyose, utirengagije no kumenya abazokizwa (Abanyefeso 1:3-6). Ugushaka guhitamwo kw’umuntu rero kwigisha ko uguhitamwo ari ingingo umuntu yifatira kugira akizwe.

  2. Ughakana ukuri kwigishwa na Bibiliya ko ukwizera gukiza ari ingabire y’Imana (Abanyefeso 2:8-10). Uguhitamwo kw’umuntu guhitamwo kwigisha ko ukwizera ari ingingo y’umuntu kwizera (trust) muri Kristu.

  3. Uguhakana ukuri ko Kristu yapfiriye gusa abantu biwe (Matayo 1:21). Ugushaka guhitamwo kw’umuntu kwigisha ko Yesu yapfiriye bose atanumwe avuyemwo kandi ko agakiza kabo uno musi bivana nuko bamwemeye, bisigura ko bivana n’ugushaka kwabo guhitamwo.

Icizerwa c’ugushaka guhitmwo kw’umuntu kandi kirigaragaza mu nyigisho (preaching) no mw’ ivugabutumwa (evangelism) ko kigwiriye uyu musi. Uburyo cinginga abanyavyaha ngo bemere Kristu, kigahamagariara abantu kuja imbere kuri alutari (altar), kibhamagarira gufata ingingo mu gihe kanaka, kuduza amaboko, n’ubundi buryo bwose bushoboka mukwinginga abantu ngo babukore. Ibi bintu vyose bikogorwa baba bibaza ko agakiza k’umuntu bivana n’uguhitamwo kwiwe.

Twizera ko ukwipfuza kw’umuntu kujakariye gucumura kandi ko uretse ko atanashobora gukora iciza, ariko kandi ntanashobora kwipfuza (gushaka) kugikora (Abaromani 8:7-8). Mu buryo butomoye ntashobora gukora iciza kibereye muri vyose, arico co guhitamwo Imanna na Kristu.

Kubw’ivyo, twizera ko umuntu adashobora kwizera Kristu kiretse abaihawe bivuye mw’Ijuru (Yohani 6:44).

Twizera kandi ko atri ugushaka kw’umuntu, ariko ubwigenge bw’Imana hamwe n’ugushaka kwayo bihoraho (integuro ihoraho yayo) arivyo ngingo mu gakiza (Ivyakozwe n’Intumwa 13:48; Ab’Ifilipi 2:13).

None niyahe mvo yo kwigisha ubutumwa bwiza bose? Ni “Ubushobozi bw’Imana buzana agakiza” (Abaromani 1:16), niyo nzira Imana itangamwo ukwizera no kwihana kuri abao bose yatoranije uhereye ibihe bidashira kuzokirizwa muri Kristu. Ese ubwo bushobozi bw’agakiza bwoba kuri beshi!

Show Buttons
Hide Buttons