Menu Close

Iciyumviro c’Ikoreshwa ry’Abantu mu Vyanditswe (8) / The Idea of Organic in Scripture (8)

       

Prof. Herman Hanko

Mu vyavuzwe ubwanyuma, nariko nkora ku kibazo c’ubutandukane buri hagati hagati y’urukundo rw’Imana ari ngombwa ku bantu bose hamwe no “guha” agakiza abantu bose k’urundi ruhande , hamwe no gutegekera abantu bose mu kwizera Kristu k’urundi ruhande. Umwe arashobora kuraba iyo nyandiko mu buryo bwagutse. Abahagararira ubutumwa bwiza nk’uko nkuko urukundo ruha uwariwe wese umuntu ku wundi bica bitera amakenga kw’itegeko ry’ubutumwa bwiza n’uwukuri abutanga. Iyi ni insobanuro itagirirwa ikigongwe. Aho imvugo ya buri musi, itera ukudatahurika kuwubutanga n’itegeko?

Umuhamagaro kuwubaza twawishuye mu nyandiko yanyuma ishingiye kuri 2 Ab’Ikorinto 5:20. Muri iki gisomwa, Paul avuga ko, nk’umuserukizi w’ubutumwa bwiza bwa Kristu, “aringinga” Ab’ikorinto “kwiyuzuza n’ Imana” mu kwizera Kristu, Uwutanga ahagararira akoresha Ijambo“ kwinginga.” Muri iryo jambo hamwe nayandi majambo bias mu Vyanditswe Vyera, amanika ivyizerwa vyabo bitari vyo ku rukundo rw’Imana ku bantu bose hama akamanika n’umuhamagaro ntabanduka k’umuntu wese wo kwizera Kristu.

Narashize ahabona muri nyandiko yanyuma amajambo asa n’ijambo ”Mwisuzume” vyerekana itegeko ry’Imana ntabanduka rishika ku bantu bose ry’ukwizera muri Kristu. Imana isobanura ico ivuze igihe Itegeka abantu bose kuzinukwa/kwanka icaha hama bakizere ubutumwa bwiza. Ntiba iriko ikina udukino. Ivyitonderwa vyishi bitegerezwa kwiyongera kuri iki.

Muri kahise, amashengero yaba Reformés yamye igihe cose ashiraho itandukaniro hagati y’ugushaka kw’itegeko ry’Imana (commend) hamwe n’ugushaka kw’ivyo Imana yagenye bitegerezwa gushika (decree). Icizerwa co gutoranya bamwe n’uguhebwa kw’abandi ni igikorwa c’ugushaka kw’ivyo Imana yagenye; ugushaka kw’itegeko ry’Imana nuko abantu bose bazinukwa icaha cabo hama bakizera Kristu. Ariko kandi ugushaka kw’itegeko ry’Imana guhuza n’ugushaka kw’ivyo yagenye uhereye kera ko bizoba, kuko ugushaka kw’itegeko ryayo ari igikoresho Imana ikoresha mu gushitsa ishaka ryayo ryivyo yagenye uhereye kuva kera kubahona kugira ngo uguhona kwuzuzwe n’Imana mu buryo Imana iheba abantu batizeye ubutumwa bwiza. Icizerwa kivuga ivyiza kuri bose gifise imizi mukworosha icipfuzo c’Imana co gukiza bose, casigiririjwe n’icizerwa ca souvereneté y’integuro zibiri z’ibizoba vyose uhereye kera (doctrine of sovereign double predestination), Uku guhakana ukwizera ukuri kw’integuro ihoraho y’Imana nti gufise gusa ishingiro mu nyanduruko z’ingorane z’iciyumviro c’insobanuro inezareye mu gutanga, ariko muri kahise kuri abo bagumanye uhereye kera insobanuro inezereye mu gutanga ubutumwa bwiza buca butizerwa, canke bigahereza mu guhakana, integuro zibiri z’Imana zihoraho.

Ako kahoze ari akaranga k’insiguro y’Ubutumwa Bwiza muri kahise- ndetse no mw’Isezerano rya kera. Ni co gituma rero, ubutumwa bwiza bwamye igihe cose buzanana n’itegeko ryo kuzinukwa icaha n’ukwizera isezerano ry’Imana ko izorungika uwukomotse mu mugore, Yesu Kristu.

Kandi Imana yarabishikije mu myaka yose. Ubutumwa Bwiza bwarigishijwe n’abantu mw’ihanga rya Isirayeli, ushizemwo abatoranijwe n’abahona. Ubutumwa Bwiza bwamye igihe cose ari bumwe: bushiramwo itegeko ryihutirwa kuri abo bose babwumva ngo bihane ivyaha vyabo hama bizere Umukiza Yesu Kristu- murukurikirane rwa kera rwo kwizera isezerano ryo kuza kwa Kristu k’uruvyaro rw’umugore. Ariko iryo tegeko, ryigishijwe k’ubantu bo mw’ihanga, ryashitse ku batoranijwe co kimwe no ku bahona, ku batoranijwe baraheza bakihana kandi bakizera isezerano rya Kristu, nkuko biri no kubahona. Iryo ryari itegeko ry’Imana ku bantu bose.

Mugabo igihe cose iryo tegeko ryaza ryazanana n’isezerano ryuko uwo wese yizera Kristo aronka ubuzima budahera muri We. Iryo sezerano ryarongeye riza no kuri abo bose bumvise ubutumwa bwiza. Kuri abo bahakana itegeko ry’Imana bakongera bagasuzugura isezerano ryayo nuko ari abahebwe; abo bizera isezerano, bakazinukwa icaha bakongera bakihana barakijijwe.

Rero nuko bimeze kandi no murukurikirane rushasha. Mu bantu bari mw’Ishengero, iri riguma imisi yose ari itegeko ry’uburumwa bwiza: Mwihane kandi mwizere! Ntanarimwe ubwo butumwa bwiza bwigeze bugabanywa mu kintu gisanzwe c’urukundo ruba ngombwa ku bantu bose, kuko ico ari ukubeshera ubutumwa bwiza, kandi biteye ubwoba ku kuri kwa souverenete y’Imana.

Uhereye mu ntumbero y’Imana, ukwigisha kuzima kw’ubutumwa bwiza nza namaze kuvuga, ni igikoresho Imana ikoresha mu gudhitsa intumbero yayo yo gutoranya no guheba abahona, kuko ubutumwa bwiza ari: “Ubushobozi bw’Imana buzana agakiza” kuri abo bose babwizeye (Abaroma 1:16). Imana itanga ingabire yo kwizera kubo yatoranije, abo izi uhereye ibihe bidahera ugashitsa ibihe bidahera kuba abayo (Yohani 17:9). Mu gihe, Ikomantantaza abahona batizera ubutumwa bwiza kandi bakantuka itegeko ryayo ryo kwihana.

Imana ikora muri ubu buryo kuko ntifata abantu nkaho ari ibirobo, batagira ubwenge, kuburyo abatoranijwe bizera kubera Imana yabashizemwo akantu k’ukuri kabashoboza. Umwigisha wanje akunze kuvuga ko Imana itajana abatoranijwe mw’ijuru baryamye bisinziririye. Ikorera muri bo k’uburyo bategerezwa kwizera. Ariko Imana ntikorera mu bahona muri ubwo buryo ko bahakana ubutumwa bwiza kuko Imana ibateza kutabwizera. Adamu yaremwe ashobora gukora ivyo vyose Imana yamutegetse, ariko arayigarariza kandi nubu abamukomokako bagaragaza ubwo bubegito bw’ubugarariji mu guha umugongo Uhoraho hama bakigumira mu cobo c’icaha.

Igicapu Ivyanditswe bikoresha mu gusigura uku kuri tubisanga muri Yesaya 55:10-11 no mu baheburayo 6:7-8. Ni igicapu c’imvura igwa kw’Isi, kandi amazi akaja mu bwatsi bwiza na bubi. Imvura yakoze igikwiye ku bwatsi bumeza indya kandi iranakora igikwiye mu gukuza ubwatsi bubi kugira ngo bugaragaze ubwabwo ko ari bubi. Niko biri no ku nyigisho z’umwami wacu mu mugani w’ubwoko bune bw’ivu, no mu mugani w’uramfu n’ingano (Matayo 13:3-30, 36-43).

Nuko rero, birakwiye kwama vyibukwa ko ubutumwa bwiza buvugwa bukongera bukabwigwa abantu, bashobora kuba ari igihugu, ishengero canke umuryango. Ingaruka iri muri Yohani 15:1-8, Yesu agereranya ihanga rya Isirayeli n’amashami Kristu ubwiwe ariwe muzabibu kandi Imana niyo nyenewo, awuzigama. Hariho amashami k’umuzabibu yama ivyamwa kandi hariho nayandi atama ivyamwa. Aba banyuma nibo babo badahindukira ngo bave mu bugarariji bwabo (Ku musi wa Yesu, bazohimbariza Imana hanze ukwabo kandi mu buryo bwo kugumya amabwirizwa y’imana ngo baronke agakiza kubw’inbikorwa vy’ivyagezwe). Aba mbere nabo ni abo batuye (confess) ko mu kwizara honyene Kristu ariho bashobora gukirizwa (Ku musi wa Yesu, Nikodemu, Mariya, intumwa, igisuma k’umusaraba …).

Show Buttons
Hide Buttons