Menu Close

Ubwigenge Mu Gutoranya / Sovereign Election

Rev. Gise Van Baren

Ugutoranya nk’icizerwa c’Ishengero kirakunze gutahurwa bukebuke, canke naho kikavugwa mu buryo bucuritse. Haragaragara rero ukutamenya kubijanye nuku kuri canke ukugitahura ukutariko.

Kwoba ari ukuhe kuri Ivyanditswe Vyera vyigisha kubijanye no gutoranya? Turashobora gutanga insobanuro yo gutoranywa nk’uguhoraho kw’Imana, ubwigenge, ubuntu yagenye uhereye kera kugirira Ishengero nk’umubiri wa Kristo Yesu, abarigize bose, umwe umwe wese mu kibanza ciwe, ahabwa Agakiza gahoraho hamwe n’ubwiza.

Reka turabire hamwe ibice bigize iyi nsobanuro.

Ubwa mbere, ugutoranya ni integuro y’Imana aho muriyo ihitamwo abantu bamwe ikabaha agakiza hamwe n’ubwiza. Imana sukuvuga ko itazi abazokizwa kandi bakabana nayo ibihe bidashira mw’Ijuru. Irazi umuntu wese ari mu bayo mw’izina, kuva igihitamwo umwe wese muri bo;kandi ayo mazina yabo aza yarashizwe mu gitabu c’ubugingo. Ivyanditswe vyera bivuga ugutoranywa muri ubu buryo mu Vyakozwe n’ abatumwa 13:48: “… abari baragenewe ubugingo budashira bose barizera.” Uravye kandi Yeremiya 1:5, turasoma: “Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi, kand’utarava muri yo nari narakurobanuye; nagushizeho kuba uvugishwa nanje m mahanga.” Rero biragaragara muri uyu murongo ko Imana yari yaratoranije kandi yongera itegura Yeremiya ubwiwe imbere yuko avuka. Imana yaratoranije Yeremiya. Ubandanije usoma muba Romani 9:13: “… nkuko handitswe ngo Yakobo naramukunze, ariko Esawu naramwanse.” Ibi ntibisigura ko ari igiharuro kitazwi, ariko Imana yaragaragaje ko ari bantu bazwi. Ibere yuko banavuka, Imana yaravuze, “Narakunze Yakobo; naranse Esawu.”

Ubwa Kabiri, icizerwa co gutoranya cigisha ko abagize Ishengero ari abatoranirijwe kuba umubiri wa Kristo, umwe wese mu kibanza arimwo. Hariho uburorero mu Vyanditswe Vyera bitugaragariza Ishengero nk’Umubiri wa Kristo. Intumwa Paul aravuga Ishengero muri 1 Ab’Ikorinto 12:12: “Nk’uko umubiri ari umwe, ukagira ingingo nyishi, kand’ingingo z’umubiri zose nah’ari nyishi ar’umubiri umwe, niko na Kristo ari.” Umubiri ni ikintu kizima kigaragara. Umwe ntashobora kwongera ingingo k’umubiri canke ngo azikureko. Iyo hagize uwubigerageza, aca asigara afise umubiri udakwiye canke naho akaba igisigo. Umubiri mubisanzwe ufise intoke cumi, ibiganza bibiri, amaboko abiri, amaso abiri, izuru rimwe … ivyo birahagije. Gukurako nakimwe muri ibi bihimba, canke kwongerako, umuntu ntaba agifise ukundi umubiri ukwiye. Niko biri, Imana nayo ihitamwo muriyo nyene Ishengero nk’umubiri wa Kristo, bisigura ko umwe wese mubarigize afise ikibanza ciwe muri uyo mubiri. Imana irafise ikibanza ca buri muntu wese, uwo yatoranije wese muri uwo mubiri. Ikibanza kirashobora kudashoka kiboneka nk’ic’akamaro mu maso y’umuntu, ariko nico kibanza conyene ciwe. Nk’uko urutoki ruto rumeze nk’urutaco rumaze k’umubiri, niko nubwo biri uko rufise ikibanza gihambaye mu kugira umubiri ube uwukwiye; urwo rutoke rufise ikibanza n’igikorwa. Niko biri kandi, ukuri ku gutoranya gushimangira ko Imana Ihitamwo umuntu umwe ari mu kibanza kanakana kuba umubiri wa Kristo—kandi muri ico kibanza ategerezwa kukibamwo.

Ubwa Gatatu, ugutoranya gufise ishingiro muri Yesu Kristo. Umuntu ashobora kutavuga ugutoranya kiretse Imana yonyene. Dusomye mu Banyefeso 1:4, “Nk’uko yadutoranirije muri we, itangurirory’Isi ritarashigwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembwa imbere yayo, turi mu rukundo.” Uku ni ukuri umuntu ashobora kubona mu Vyanditswe Vyera. Imana ihitamwo abantu bayo nk’umubiri wa Kristo.

Ubwa Kane, ugutoranya kwigisha ko Imana ihitamwo abantu kubw’agakiza gahoraho n’ubwiza. Imana ntipfa guhitamwo, ariko Irafise iherezo canke intumbero muri yo.Iyo ntumbero nuko ishikana abantu bayo mw’Ijuru.Nisunze nk’akarorero dusanga mu Baromani 8:29-30: “Kuko abo yamenye kera yabatoranirije kera gushushanywa n’ishusho y’Umwana wayo, kugira ngo abe imfura muri bene Se benshi: abo yatoranije kera, yarabahamagaye, abo yahamagaye, yarabatsindanishirije; abo yatsindanishirije, yabahaye ubwiza.” Rero, iherezo ry’intumbero y’ugutoranya guhoraho, gutuma Imana Ihitamwo abantu bayo kugira ngo Ihe ubwiza abayo biciye muri Kristo kubw’Icubahiro c’Izina ryiwe.

Ubwa nyuma, ugutoranya gufise ikibanza mu bihe bidashira. Si igikorwa kiba mu mwanya umwe kanaka. Ni igikorwa c’Imana cabereye muriyo nyene canke umugambi w’imbere yuko n’ibihe bibaho. Dusubire kandi twisunge Abanyefeso 1:4: “Nkuko yadutoranirije muri We [Kristo] itanguriro ry’Isi ritanashigwaho …” Ibi bisigura iki? Uyu murongo uriko utwereka ko Imana yahisemwo imbere yuko habaho iremwa ry’ikintu na kimwe, imbere yuko habaho umwanya canke ikibanza. Imbere yitanguriro ry’Isi ritarashigwaho, hari Imana gusa. Niyo yahisemwo abantu muri Kristo uhereye ibihe bidashira muri Yo. Iyi niyo ntahe y’Ivyanditswe Vyera.

Dufatanije n’ukuri kwo gutoranya, ikibazo kibazwa kenshi, “Ugutoranywa kurasaba ikiguzi canke ntaco gusaba?” Bisigura, mbega Imana yahisemwo abantu bayo yisunze ibikorwa bimwe bimwe bategerezwa gukora—canke Imana yahisemwo abantu bamwe kuko vyari biyihimbaye kubikora? Ivyanditswe Vyera ubwavyo birigisha ko ugutoranya gufise ishingiro mu kugena kwigenga kw’Imana, kandi kudafise ikintu na kimwe gusaba umuntu ko yobanza gukora.

Nubwo biri uko, birababaje kuvuga kuko uku siko kwiyumvira kw’abantu benshi uyu musi. Ugutahura kugaragara ko gufiswe n’Ishengero muri ino Si yuyu musi nuko ugutoranywa kwisunga ugushaka kw’umuntu ariko kutisunga Imana. Ugutoranya kwisunga igikorwa c’umuntu mu kwemera Kristu. Imana Ihitamwo abo baba bayihisemwo ubwa mbere. Uku gutahura gufise inyanduruko mu Gihugu ca Pays-Bas (Netherlands), kandi yatanguye ubwa mbere mu Mwaka wa 1610. Umuntu wa mbere yayitanguje muri ico gihe nuwitwa Arminius. Kuva ico gihe ciwe iri kosa kubijanye no gutoranywa ryaciye ryitiranwa n’Izina ryiwe. Ryitwa Arminiyanisime (Arminianism).

Arminius ubwiwe yanditse kubijanye niyi nyigisho yo gutoranya, “Ariko ugutoranya gusigura ingingo y’Imana, aho Imana Ihitamwo guha agakiza bamwe, kubwo kubona ukwizera uhereye kera umuntu azogira bica biyituma Itoranya. Kubw’ivyo abizera bonyene nibo bakizwa, kandi abizera bonyene nibo bateguriwe gukizwa. Ariko Ivyanditswe Vyera birazi abatatoranijwe, aho Imana itomora kandi ikabigaragaza ko yagenye gukiza bamwe itarinze kwisunga ubwa mbere umuntu ko yoba uwizera. Uko gutoranywa gushobora kuvana n’ingingo Imana yategekanije yo kudakiza numwe kiretse uwizeye” (Writings of Arminius, vol.1, p. 380).

Ikigaragara nuko iyi nyigisho ya Arminius (Arminianism), igihe ivuga ku gutoranya, ivuga ko hariho igisabwa (Igikorwa). Iyi nyigisho ntizokwigera ivuga ko Imana Itoranya,hanyuma ngo twizere; ahubwo ivuga ko Iman itoranya abo bose yabonye kuva kera ko bazokwizera. Iyi nyigisho ya Arminius yemeza ko ugutoranya kw’Iman bivana n’ukwishura gutunganye kw’umuntu. Igihe umuntu yemeye Kristu, hanyuma agashishikarira muri iyo ngingo, niho Imana ivuga Iti: “Nzogutoranya.” Nibaza ko iki ciyumviro ciyi nyigisho gishobora kugereranya. Twibaze hamwe boshira imbere yawe ibiro igihumbi (1000) vy’ibitabu hanyuma bakagutegeka guterurira ivyo biro igihumbi (1000) vy’ibitabu k’umutwe wawe. Woca uvuga vy’ukuri uti, “Ntavyo shobora.” Ariko bakoze ubuhinga bwa pouli iriko n’umugozi ufatanye nivyo biro igihumbi (1000), hanyuma bakavuga, “Terura ivyo biro.” Muri iki gihe ntiwokwubahuka gusubira kuvuga uti, “Ntavyo nshobora.” Ahubwo wotegerezwa kuvuga uti, “ndabishobora,” canke uti“ ntavyo ngomba.” Niko biri muri ico gihe kuko biba bisigaye biri mu bushobozi bwawe bwo kubiterura. Ni no muri ubu buryo umu Arminiani nabonamwo umunyavyaha. Igihe umuntu yagwa, ntiyashobora gukora ikintu nakimwe. Ntiyashobora kwemera Kristu, canke ngo amwizere. Ariko Imana yaratanze Ubuntu butuzuye ku bantu bose (Ugereranije naca kigereranyo c’uburyo Pouli ikora), kugira abantu bose baronke ubushobozi bwo kwizera hamwe boba babishaka. Ariko baramutse bahakanye, baba bahebwe burundu.

Ni iki umuntu yotegerezwa kuvuga kuvyerekeye iyi nyigisho ya Arminian (Arminianism)? Biragaragara ko iyi nyigisho (Arminianism) ihakana ubwigenge bw’Imana. Ukwigenga kw’Iman misigura mu buryo busanzwe ko Iman ari Imana: Iganje mw’Ijuru no kw’Isi. Ntizokwigera isangira ubushobozi bwayo n’ikiremwa na kimwe.Ishishikara kurongora vyose ku bwigenge bw’intumbero yayo.Imana irarongoye. Ugutahura kw’inyigisho ya Arminius (Arminianism) guhakana ivyo. Umu Arminian azokomeza gusigura ko nawe yizera ko umunyavyaha akizwa n’ubuntu gusa. Ariko ntiyigera araba ibituma ko, nkuko iyo nyigisho ivuga (Arminianism), umunyavyaha uwariwe wese afise ubu buntu bw’Imana. None ni igiki gituma umuntu atandukana n’uwundi muri uko guhitamwo? SI Ubuntu bw’Iman, ariko ni ugushaka kw’umuntu gushobora gukoresha canke kugahakana ubwo buntu bw’Imana. Ukwo gushaka kumwe kwimenyereza kubwa Kristu, ukundi nakwo kukagwanya Kristu. Igitsinda ikindi kigaragarira mu ngingo umuntu aza gusozererako gufata nkuko uwo yatoranijwe hisunzwe igikorwa cuwo muntu nyene. Inyigisho nkiyi ihakana ubwigenge bw’Imana, kuko nimba ubwigenge bwayo, ukubaho n’uguhoraho kwayo bitegerezwa kuba bivyagiye mu Majuru kandi birindiriye ingingo y’umuntu kugirango itore abazokwinjira canke batazokwinjira ngo baragwe Ubwami Bwayo. Iri ni ikosa riteye ubwoba.

Inyigisho ya Calvin (Calvinism) ishimangira ku kuri kw’IVyanditswe Vyera ko Imana yatoranije ataco ifatiyeko(ataco yisunze) abantu muri yon yene uhereye ibihe vyose(bidashira).Ntabwo ari Calvin gusa, ariko kandi n’abarongozi bo mw’Ishengero rya mbere barakomeje gushimangira kuri iki kintu. Augustino Mweranda (354-430), yizera ko: “Uhereye mu ntango yakwo, ukageza no ku kwera kwako, ukwizera ni ingabire y’Imana. Kandi ko iyi ngabire yahawe bamwe ariko itari ku bandi, bazoyihakana ariko ni nde yoshobora kugwanya intahe zigarara mu Vyanditswe Vyera? Ariko ni kubera iki ukwizera kutahawe bose kutaraba uwizera azi ko abantu bose kubw’icaha c’umwe cazanye gutsindwa n’urubanza. Ariko ni kubera iki Iman Ikiza bamwe ugutsindwa n’urubanza ariko ikareka abandi bakaguma mu gutsindwa n’urubanza rwayo. Inzira zayo zo muri kahise zirabitumenyesha. Kandi hamwe hokorwa amatohoza bikongera bikitonderwa uko umuntu wese aronka ukwizera dusanga gukomoka mu Mana ariyo itanga iyo ngabire yo kwizera, nta gushaka kw’abazovuga ngo, “Ni kubw’ugushaka kw’abantu.” Ariko tuvuga ko ari kubw’ubuntu, canke kubw’integuro y’Imana yamyeho uhereye kuva kera (Divine Predestination).

Ugutahura kwa Ugustino kwari gufise ishingiro rikomeye mu Vyanditswe Vyera. Ivyanditswe Vyera vyose vyigisha ko ugutoranya kutavana n’igikorwa na kimwe canke umuntu yogerageza gukora . Ivyakozwe n’Intumwa 13:48, haravuga, “,,, Abari baragenewe ubugingo budashira bose barizera.” None ni ikihe ca mbere: kwizera canke kugena? Biragaragara ko ari icanyuma(ukugena). Canke dusomye Yohani 15:16 haratubwira: “Si mwebwe mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho ngo mugende murama imbuto …” Kandi no muri 1 Yohani 4:10, “Iki ni co kirimwo urukundo, s’uko twebwe twakunze Imana, ariko nuko ariyo yadukunze, Igatuma umwana wayo kuba impongano y’ivyaha vyacu.” Biragaragara mu Vyanditswe Vyera vyose ko ugutoranywa ata gikorwa c’umuntu kijamwo.

Wumva uhagijwe nuko kuri? Bamwe bakunze kwama bavuga ko iki cizerwa kidatanga ukwiyumva neza. Abandi nabo bakavuga ko nimba umntu yizera ugutoranywa, inkurikizi nuko uwo muntu ataco asubira kwibanga kuri ino Si, aca abaho uko ashatse. Nimba Imana yaragenye ko umuntu ariko aja mw’Ijuru, none ni igiki coheza kigatandukanya umuntu nivyo akora? Nimba agomba gucumura, azokizwa hatisunzwe ico. Nubwo ata bikorwa vyiza akoze, azokizwa. Nubwo biri uko harihobeshi bigisha ukutariko uku kuri kwo gutoranywa!

Ariko uko ni ukwigisha nabi iki cizerwa. Nivyo: Imana mu bwigenge bwayo bw’ibihwe bidashira yaragenye ko abantu bayo bazokwinzira mu bwiza. Muribo, harimwo naca gisuma co k’umusalaba—umunyavyaha ruhebwa. Muri bo harimwo Petero yihakanye Kristo incuro zitatu (3). Muri bo, harimwo na twebwe—kandi abanyavyaha ba ruhebwa. Mugabo, mbega icizerwa co gutoranya kirarekurira numwe gucumura nkuko avyishakiye? Ivyanditswe Vyera vyigisha ko Imana yadutoranije kugira ngo tube abera tutagira agasembwa (Abanyefeso1:4). Uravye kandi Abanyefeso 2:10. Ugutoranya gutegerezwa kwama ivyamwa: Ahatagira icamwa co kugororoka, ntacokumenyesha ko hari ugutoranya. Aragowe umuntu avuga ngo, “Ndacumura kuko ataco bitwaye-naratoranijwe canke sinatoranijwe.” Tuvuze muyandi majambo uko Yesu yavuze … bizoba arivyoroshe cane kwirengagiza k’umusi w’urubanza umuntu atigeze amenya uku kuri kwo gutoranywa, kurusha uwari yarakimenye akongera akagikoreshank’icireguzo co gucumura!

Ibabaje uyu musi nuko abafise ukwizera kwaba reforme bakunze kunyegeza iki cizerwa. Bakunze gusigura ko iki cizerwa kigumye ku bantu bose-kandi ko umuntu atokivuga mu gihe ari umwe mu gikibanza aba arimwo.Ariko ikigaragara nuko Ivyanditswe Vyera bitigera binyegeza uku kuri kwo gutoranya, kurigishwayo mu buryo bwagutse. Nico gituma, Paulo acandikira mu buryo bwagutse mu Mashengero y’Iroma nayo muri Efeso cane cane kuko aya Mashengero yararimwo abanyamahanga batigeze bahura n’Ijambo ry’Imana ubwa mbere. Bari barigishijwe ibijanye no gutoranywa. Rero, nimba bitagoranye ico gihe, bitegerezwa kugorana muri kino gihe cacu abantu bakomeza kugwiza ubwenge.

Vyifashe gute ku giti cawe? Uri mubo Imana yatoranije? Iki kibazo kimaze gutera uruhagarara abatari bake. Wumva ibijanye no gutoranywa kwawe bikuraba, vyukuri birakuraba? Abahona bobo ntibigera babaza nimba baratoranijwe canke batatoranijwe. Bobo ico bakora niuguhakana Ijambo ry’Imana. Ariko nimba wumva ibijanye no gutoranywa kwawe bikuraba, nuko ico ari ikimenyamenya ko uza ufise ubuzima n’umutima wamye icamwa co gutoranywa.

Reka mbaze ibibazo bike. Woba ufise ukwizera kuri mu Mwami Yesu Kristo? Woaba ukunda Ishengero ryiwe n’ukuri kwiwe? Woba wanka ivyaha vyawe vyose? Ntakibazo woba ufise aho hantu? Urabona muri wewe icamwa n’icemeza ko watoranijwe. Ukomeje kuba umunyavyaha nkuko abantu bose b’Imana bameze. Rimwe na rimwe turibaza, “Ni gute Imana yahisemwo umuntu nkanje?” Ariko ivyamwa vyo gutoranywa biba bigaragara. Nimba wizera, icon i ikimenyamenya ufise ko Imana yagutoranirije kera muri Kristo. Ntiyagutoye kuko wizeye, ariko ukwizera kwawe ni ikimenyamenya kandi cemeza ko yagutoranije. Urizera? Urahiriwe kuko ubwami bw’Imana ari ubwawe.

Show Buttons
Hide Buttons