Menu Close

Ibango Ry’abagore Mw’ishengero: Coba Gishingirwa Intahe Na Bibiliya / Women in Church Office: Is It Biblical?

   

Ronald Hanko

Amashengero meshi uno musi aremerera umugore ko ashigwa mw’ibango ryo kuba umwigisha w’Ijambo ry’Imana, umurongozi hamwe no kuba umudiyakoni. Bemeza yuko ubu aribwo buryo bwonyene bwo kwemeza ingabire Imana iba yarahaye abagore, kandi ko muri ubu buryo bwonyene aribwo Ishengero ritegerezwa kugaragaza ubutungane bw’inyigisho za Bibiliya ko bose bangana muri Kristu (Abagalatiya 3:28).

Ubwo none ibi bivugwa n’ukuri?Ishengero ryoba riri mu kuri muguhakana ko abagore bakorera Imana n’ingabire yabahaye, canke vyukuri ribabuza gukorera mu mabango y’Ishengero? Mbega nivyo ko abagore batirwa nk’abigisha b’Ijambo ry’Imana, abarongozi hamwe n’abadiyakoni? N’Iki Bibiliya yigisha?

Inyigisho ya Bibiliya kuri iki kibazo nuko ibigaragaza k’urugezo rukwiye. Abagore ntibakwiye gukora mu mabango y’Ishengero. 1 Timoteyo 2:12 havuga, “Ariko sinkundira umugore ko yigisha canke kw’aganza umugabo, arikoatekereze.” 1 Korinto 14:34 iratwigisha uko nyene: “Abagore bacereze mw’Ishengero,kuko batemererwa kuvuga. Ariko baganzwe, nkuko Ivyagezwe navyo bivuga.”

Naho bimeze uko, iyi mirongo yose ntisigura yuko umugore adashobora kuvuga ikintu na kimwe mw’Ishengero ahubwo nuko batovugira mu bibanza vy’ubushobozi, canke vyo gufata ingingo (authority), nk’ukwigisha canke kurongora uguhimbaza Imana (worship). Ntibakwiye kuvuga m’uburyo bwo gusenga, kuvuga ibizoba (prophesying), gukomezanya (edifying), guterana integer (exhorting) canke kwigisha nkuko 1 Korinto 14 habitwereka.

Ibi vyose birashingirwa intahe, bigakomezwa muri 1 Timoteyo 3 na Tito 1, aho hatubwira abarongozi (elders and deacons) hamwe n’abadiyakoni nk’abagabo. Nico gituma ukwatira (ukwimika) abagore, kuvuguruza Ivyanditswe Vyera.

Inzira yonyene ishoboka yofasha guhakana ivyo Ivyanditswe Vyera vyigisha kuri iki kintu ni uguhakana ko Ivyanditswe Vyera vyahumetswe kandi ko ari ijambo ry’Imana ritavuguruzwa n’ikindi kintu na kimwe (infallible). Nico gituma amashengero yatira (yimika) abagore avuga ko ibice bisigura uku kuri ari amajambo ya Paulo gusa yerekana umuco aho yarabaye canke ugutahura guke (guto) kw’abagore. Rero, nimba Ivyanditswe Vyera ari Ijambo ry’Imana, iyi mirongo si ubwenge bwa Paulo, ahubwo ni ubwenge n’ugushaka (will) kw’Imana! Imana iravuga, “Abagore bacereze mu Mashengero!”

Ariko bica bigenda gute ku ngabire Imana iha bamwe mu bagore? Mbega si ukuri ko abagore bashobora kuba bafise ingabirano zibashoboza gukora neza bakarusha n’abagabo mu mabango atandukanye yo mw’Ishengero?

Dutegerezwa gutahura ko ikibazo kidahagaze ko Imana Itanga ingabire ku bagore. Irazitanga! Ikibazo kandi ntigihagaze ko abagore bategerezwa gukoresha ingabire Imana yabahaye. Bategerezwa! Ikibazo conyene kihari niki, ni hehe bakoreshereza izo ngabire. Mpwemu Yera yazibahaye arababuza gukozikoreshereza mu mabango y’Ishengero.

Ariko kandi ibi bisigura ko abagore batagira igikorwa na kimwe mw’Ishengero? Ntiboba bakibaye ibiremwa vy’Imana ikoresha (means)! Abagore barafise ikibanza n’umuhamagaro bikomeye mw’Ishengero. Bibiliya irabivuga neza muri 1 Timoteyo 2:15, 5:9-14, no muri Tito 2:3-5. Barafise igikorwa Imana yabajeje mw’Ishengero umugabo adashobora gutunganya.

Ni gute none dukwiye kwiyumvira, kw’Ishengero rirekurira abagore kwimikwa (kwatirwa)? Ishengero nkiryo riba rihakana ubushobozi, ubukuru (authority) bw’Ijambo ry’Iman kandi riba riri m’ubugarariji bw’Ijambo. Ritegerezwa kwihana canke Yesu niyaza azorikurako igiteretsweko itara caryo yongere arikure mu kibanza caryo (Ivyahishuriwe Yahani 2:5) kugira ngo ntiryongere kwaka n’umuco w’ubwiza bw’Imana nk’icabona mw’Isi. Rero, abao bose barigize ntibazoba mu muco ariko bazoba mu mwiza.

Show Buttons
Hide Buttons